



ITANGAZO RY’ISHENGERO RYA YESU KRISTO IHANGA RY’IMANA RYO KUWA 26-04- 2021RYIRUKANA BURUNDU ABAHEMUKIYE IMANA, ISHENGERO N’ABARUNDI BOSE.
Hanga Ryera ry’Imana, namwe Barundi mwese abari mu gihugu n’abari mu mahanga. Aho muzobona abo bantu muzomenye yuko baciwe mw’Ishengero rya Yesu Kristo- IHANGA RY’IMANA mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mahanga kubera yuko bahemukiye Uhoraho Imana, bahemukira ishengero rya Yesu Kristo -IHANGA RY’IMANA, batako bagahemukira n’Abarundi bose.
Imana yerekanye abo bantu bane ari ibigiga biri mu nzira bizibira abizera ngo ntibashike ku musaraba. Imana yavuze kandi yuko bariko barakora batazi shebuja kwari bigatuma ba, genera ivyabo bagiye kwibonerko. Twahawe n’ijuru kubasomera IVYAKOZWE N’INTUMWA 5:36-37
Inama y’Abungere bose yirukanye burundu mw’ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RY’IMANA ryemerewe gukorera mu gihugu c’Uburundi n’ingingo y’Umushikiranganje NO 530/21689 yo kuwa 31/12/2019. Babanje guhabga impanuro nyinshi mu biyago no mu nyandiko, bahabga ikiringo co kwisubirako mugabo bizivye amatwi bahitamwo inzira za satani. Abirukanywe burundu ni:
- FreddySABUSHIMIKE
*Freddy SABUSHIMIKE aba mu Kanyosha muri Gisyo, yataye ivyizerwa vy’ukuri vy’aba-Kristo arondera kujana ishengero rya Yesu Kristo Ihanga ry’Imana kwifatanya n’amadini yo mw’isi. Yibisha urwenge abanje kwiha amazina y’ivyubahiro ngo ni UMUKAMA (Bishop canke Monseigneur) agatukisha ishengero ry’Imana kandi akigana incuro nyinshi ikidodo c’Ishengero rya Yesu Kristo kugira ngo azimize beshi kandi yironderere amaronko yiwe. - RemyNDAYISHEMEZE
- Remy NDAYISHEMEZE aba i Bujumbura, yakoranye na Freddy SABUSHIMIKE mukwigana ikidodo c’Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA. Niwe aja kubikoresha mu Buyenzi agasuka abo bari kumwe mu mubisha butagira izina. No mu migambi yo guhungabanya abanyeshengero niwe aza kw’isonga mbere ahishurwako n’imigambi y’ivyha bikomeye.
- VianeyKAMERE
- Vianey KAMERE asanzwe ari umunyeshengero wa New Life Center aho anaherutse kugirira ubugeni, yifatanije n’abo babisha ngo basambure Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA mu kwiyita ngo niwe mu nyabigega w’Ihanga Ryera ry’Imana. Imigambi mibisha yose yatanguriye gukorewa aho asanzwe atuye mu KIGOBE i Bujumbura.
- JeanMarieHATUNGIMANA
- Jean Marie HATUNGIMANA avuga yuko yahunze umugore wiwe agahungira i Kampala mu gihugu ca Uganda, yifatanije n’abo basuma yiyita Umwungere w’Igitinyiro (Reverand Pasteur). Ari muri bamwe bavuga ngo shira ngaha mu ntoke zanje amafaranga yose ufise mu mufuko ndagusengere nirukane inyatsi muri wewe. Uhumirije gato ugasanga yagiye ajanye utwawe twose. Agenda araresha mu mashengero aciyemwo ahejeje gutanga ubuhanuzi avuga ngo ni ivyo yeretswe. Abantu bose bamuzi yuko ari muri bamwe bita aba ESCROTS kuva akiri mu gihugu c’Uburundi.
Abo bahemu bagenda bariyitirira IHANGA RYERA RY’IMANA bakora utunama baritukisha bakurikiranwa kandi n’ubutungane bg’Uburundi ku vyaha bikurikira:
1-Icaha co kwigana no gukoresha ikidodo c’ishengero batabifitiye uruhusha.
2-Icaha co kuyovya inzego z’igihugu mu kwandika amakete bakoresheje ibinyoma n’ikidodo c’ubusuma.
3-Icaha co kurondera ku gumura abanyagihugu mu gucanishamwo abanyeshengero bakoresheje ibinyoma n’inzandiko bakoresha ikidodo c’iciganano.
Aya majambo asomewe abizera bose bo mw’Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA, bo ku bicaniro vyose n’amashengero yose ari mu gihugu no mu mahanga. Haravumwe umuntu wese azokwifatanya n’abo banyakibi [1Yohana 2:19-23] Uwmami Yesu Kristo yamamare!
Abungere bose b’Ishengero rya Yesu Kristo-IHANGA RY’IMANA.