Inyishu z’ikizamini kigira gatatu.

INYISHU Z’IKIZAMINI KIGIRA GATATU

Nkuko twabivuze ku bibazo vyarangiye, Mpwemu w’Imana yaduhaye utu tubazo kugira ngo umwe wese apime ubumenyi afise mu gutahura ukuri kwa Bibiliya Yera n’ihishurirwa riva ku Mwami Mana. Kubera inyigisho umuntu wese yagiye aratoragura mu madini atandukanye, amashengero n’imigwi itandukanye yaciyemwo usanga hari vyinshi abantu bapfa gutwara uko kandi bimwe ari ibinyoma ibindi atari ukuri kwuzuye. Ubu rero ni ca gihe umuntu wese ategerzwa kumenya inzira y’ukuri ija mw’ijuru n’ubuhishuzi buva k’Uhoraho Imana agashira ku ruhande ibitari ukuri kwuzuye n’ibitagira ikimazi. Dufise umunezero ntangere kubera yuko abantu benshi barashoboye gutora inyishu z’utu tubazo twoseuko ari dutanu. Bake cane bafise utubazo twabananiye tubasaba gusubiramwo kugira ngo bamenye inyishu z’ukuzi.

  1. BIBILIYA YERA NI IKI ?
    a) Ni igitabo kigizwe n’ibitabo 66 canditswe n’abanyabgenge b’ivyanditswe. b) Ni igitabo c’ivyagezwe abantu bose bategerezwa gusoma.
    c) Ni igitabo cahumetswe n’Uhoraho Imana ngo kitubere Urumuri n’urufatiro. d) Ni igitabo ca kera cane c’indengagihe gikwiriye guhindurwa.
    Inyishu y’ukuri ku kabazo ka mbere ni C kuko Bibiliya Yera ubgayo iratubarira neza yuko uwumva wese aya majambo yanditse muri iki gitabo akwiriye kuyashingira intahe kandi hakaba n’ivyago bigenewe abongerako ivyabo canke abakuramwo amajambo amwe. [IVYAKOZWEN’INTUMWA 22 :18-21]
  2. TUJANYE UMUVYURO N’IKANGURO MU GIHUGU NO MU MAHANGA YOSE :
    a) Tuzogenda twigisha ivyagezwe icumi vyo mu gitabo c’IVYAGEZWE.
    b) Tuzogenda twerekana neza anti-Kristo ca gikoko 666.
    c) Tuzokwigisha amahanga ko yacunguwe na Yesu Kristo, ko ari muzima, akiza, abohora kandi yuko agiye kugaruka gutora Ishengero.
    d) Tuzokwigisha abantu yuko Imana ibazi kandi ibemera ata ngorane.
    Umuvyuro n’ikanguro kw’isi yose uzoba uhagaze kui Yesu Kristo gusa. Kanatsinda, Bibiliya yose kuva kw’itanguriro gushika kuvyahishuriwe Yohana ivuga Yesu Kristo gusa kuhera ku kuremwa kw’isi gushika agaruke gutwara mw’ijuru umugeni yacunguje amaraso yiwe. Izindi nyigisho zose zidashingiye kuri Yesu Kristo n’ibikorwa bitangaje yakoze, ivyo ariko arakora uyu munsi nivyo agiye gukora vuba haza ni ukuzisusuma cane.
    Yesu Kristo tumusanga hose muri bibiliya Yera kandi abasomyi n’abanditsi batandukanye turabibona. Abatabibona barahumwe amaso kubera inyigisho. Umukristo wese akunda ukuri arabona Yesu Kristo n’akaranga kiwe mu bitabo vyose bigize Bibiliya co kimwe no muvyaremwe vyose.
  • Itanguriro: Yesu ni urubuto rw’umugore. [3:15]
  • Kuvayo: Yesu ni Umwagazi w’intama wa Pasika [11-12]
  • Abalewi: Yesu niwe muherezi mukuru wacu [8-10]
  • Guharura: Yesu ni inkingi y’igicu ku murango n’inkingi y’umuriro mw’ijoro [13:21-22]
  • Gusubira muvyagezwe: Yesu ni umuvugishwa nka Mose [18:15]
  • Yoshuwa: Yesu ni umugabisha w’agakiza kacu. [5:13-15]
  • Abacamanza:Yesu ni umucamanza akanatuburanira [3:9-11]
  • Rusi: Yesu ni Umucunguzi wacu [3:1-8]
  • 1na 2 Samweli: Yesu ni Umuhanuzi w’ukuri [9:9]
  • Abami n’ivyo ku goma: Yesu ni Umwami wacu aganje [1 Ngoma 1:9, 10]
  • Ezira: Yesu ni Umwubatsi w’inzitiro z’ubuzima [4:12]
  • Esiteri: Yesu ni Morodekayi wacu [2:5-6]
  • Yobu: Yesu ni Umucunguzi wacu yamaho [19:25]
  • Zaburi: Yesu ni umwungere wacu [23]
  • Imigani n’umusiguzi: Yesu niwe bgenge bgacu [2:6, 4:6-7,19:20]
  • Indirimbo: Yesu ni umukunzi wacu
  • Yesaya: Yesu ni Umwami w’amahoro [9:6]
  • Yeremiya: Yesu ni ukugororoka kwacu [23:6]
  • Gucurintimba: Yesu ni umuvugishwa aturirira [31:27-34]
  • Ezekiyeli: Yesu ni ishusho zine [Umukerubi, umuntu, intambge n’inkukuma] [10:14]
  • Daniyeli: Yesu ni uwugira kane mw’itanure ry’umuriro [3:25]
  • Hoseya: Umugabo w’umwizihigwa… [2:19]
  • Yoweli: Yesu ni umubatizi muri Mpwemu Yera no mu muriro [2:28]
  • Amosi: Yesu ni Karisho, igisimbo c’amatunda ahishiye [7 na 8]
  • Obadiya: Yesu ni umunyenkomizi mu gukiza [1:9]
  • Yona: Yesu ni uwutuzaniye ubutumwa wa kure [3 na 4]
  • Mika: Yesu niwe yazanyubutumwa n’ibirenge vyiza [4:1]
  • Nahumu: Yesu ni uwatoranijwe n’Imana [1:2]
  • Habakuki: Yesu ni umuvugabutumwa w’Imana [ 3:2]
  • Zefaniya: Yesu ni umukiza wacu [3:17]
  • Hagayi: Yesu yagarukanye akaranga k’Imana [1:13]
  • Zakarira: Yesu ni Iriba ryo munzu ya Dawidi ryugururiye abanyavyaha
    n’abahumanye [13:1]
  • Malakiya: Yesu ni izuba ry’ukugororoka [ 4:2]
  • Matayo: Yesu ni Umwami w’abayuda, abisirayeli [27:37]
  • Mariko: Yesu ni umusuku [9:35]
  • Luka: Yesu ni Umwana w’umuntu [3:38]
  • Yohana: Yesu ni umwana w’Imana [1:34, 3:16]
  • Ivyakozwe n’intumwa: Yesu ni umukiza w’isi yose[5:35,13:23]
  • Abaroma: Yesu ni ukugororoka kw’Imana [3:22, 1:17]
  • 1 Abikorinto: Yesu ni urutare rwakurikiye Isirayeli [10:4]
  • 2 Abikorinto: Yesu ni uwanesheje kandi atanga intsinzi [2:14-16]
  • Abigalatiya: Yesu ni ukwidegemvya kwawe [5:15]
  • Abayefeso: Yesu ni umutwe w’ishengero [3:6,4:15-6]
  • Abifilipi: Yesu ni umunezero wawe [ 4:4-13]
  • Abikolosayi: Yesu ni ukwuzurizwa kwawe [2:10]
  • 1 na 2 Abitesaloniki: Yesu ni ivyizigiro vyawe [1:3,5:8]
  • 1 na 2 Timoteyo: Yesu ni ukwizera kwawe no gutuza [1:2,6:12 (2)2:19, 1:7]
  • Filemoni: Yesu ni ivyiza vyawe [1:4, 1:5,1:9]
  • Tito: Yesu niwe Kuri [1:1-2]
  • Abaheburayo: Yesu niwe gutungana kwawe [11:40]
  • Yakobo: Yesu ni ubushobozi bg’ukwizera kwawe [ 2:17-19]
  • 1na 2 Petero: Yesu ni akarorero n’agahore kawe [ 2:21, 1:5]
  • 1, 2 na 3 Yohana: Yesu ni ubuzima, ukubaho n’igituma cawe [ 1:1-3, 1:12]
  • Yuda: Yesu ni urufatiro rw’ukwizera kwawe [1:20-21]
  • Ivyahishuriwe yohana: Yesu ni Umwami agiye kugaruka [1:7, 19:11, 22:20]
    Nguwo Yesu Kristo ingene umusanga mw’isezerano rya kera no mw’isezerano rishasha. Amen!
  1. IMBURI N’UBUHANUZI NI:
    a) Amajambo y’Imana abahanuzi basoma bagaheza bakayasubiramwo.
    b) Ubutumwa Mpwemu Yera akura k’Uhoraho Imana agaheza akabuhishura abucishije mu bavugishwa.
    c) Ibintu bibi biba bigomba gushika hanyuma ba kamenyi bakabishira ahabona.
    d) Ivyiyumviro vy’ibanga abavugishwa bagerageza gushira ahabona.
    Inyishu kuriako kabazo ni B kuko mpwemu Yera yabira amabanga ku Mana Data akayatuzanira kuko niwe asesa vyose n’ibihishijwe vy’Imana. Ni nawe atunihira iminiho itovurwa mu kudusengera. [1Abikorinto 2:9-11] Kandi nta kintu na kimwe Uhoraho Imana azokora atibiye akabanga abasavyi biwe [Amosi 3:7]
  2. MU MPWEMU ISABATO Y’UKURI NI:
    a) Umunsi ugira indwi wama ushika iminsi yose samedi abantu bategerezwa kuruhuka.
    b) Umunsi w’isabato (samedi) kuva izubaba riserutse gushika rirenze.
    c) kuva ku munsi wa nyuma (vendredi) kumugoroba gushika (samedi) ku mugoroba.
    d) Kuva umunsi wizeye Yesu Kristo, ukihana ivyaha, ukezwa, ukaruhuka imiruho y’ivyaha.
    Inyishu nka bose barayotoye ni D. N’abiyumvira yuko isabato ataho ihuriye n’ivyo impwemu kuko bibaza ngo ni umunsi canke amasaha, barajijuwe nuko ISABATO ari ikimenyetso c’ukwera kw’Imana canke isezerano hagati y’abisirayeli n’Imana.
    [Kuvayo 31:16-17] Yesu Kristo nk’Umwami w’isabato, iyo uri muri we uba uri mu karuhuko kadahera, uba uri mu kugororoka kw’isumba vyose kandi uba washikije isezerano hagati yawe n’Uhoraho. Nico gituma uri muri Yesu Kristo iminsi yose uba uri mw’isabato mu buryo bg’impwemu. [ Matayo 12:8, Mariko 2:23-27, Luka 6:1- 5.]
  3. IHANGA RYERA RY’IMANA RIGIZWE :
    a) N’Abarundi bose, iyo bari hose n’uko bameze kwose.
    b) N’Abantu bose bari mu mugambi w’Imana kuko bizeye Yesu Kristo, bakihana, bakabatizwa bagahabga Mpwemu Yera ubu bakaba barindiriye isezerano.
    c. N’abantu bose bemera kandi bakiyita Ihanga.
    d. N’abantu batazwi kandi batazinanyi kubera rivugangwa ku munwa gusa.
    Ihanga Ryera ry’Imana rigizwe n’abizera Yesu Kristo bagashitsa ukugororoka kwose kandi bakaba barindiriye amasezerano bahawe mu kubaho kw’isi n’isezerano rihambaye kandi ry’intahava yuko Umwami azogaruka kubajana iwe. Inyishu rero ni B kandi turashima cane yuko abantu beshi bayitoye. Bibiliya iratomora neza ingene turi IHANGA RYERA. Hariho ibisomwa vyinshi bitwereka ingene turi Ihanga Ryera nico twahamagariwe dusanga muri [Yesaya 43 :20, Kuvayo 19 :6, Ivyakozwe n’intumwa 26 :18, 2 Abikorinto 4 :6, Abayefeso 5 :8, Abifilipi 2 :15 n’Ivyahishuriwe Yohana 1 :6] ariko dusome muri [1Petero 2 :9-10]
    Umwami Yesu Kristo yamamare !