Umutumiro w’amasengesho yo kwutanga y’iminsi itatu kuwa 3-4-6 Ruheshi 2021.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KWITANGA Y’IHANGA RYERA RY’IMANA YO KUVA KW’IGENEKEREZO RYA 03 GUSHIKA 05 Z’UKWA GATANDATU 2021.
Umurundi wese aho ari hose mu gihugu no mu mahanga, ndetse n’abanyamahanga baratumiriwe amasengesho adasanzwe y’iminsi itatu. Twese duhamagariwe kuba imbere y’Uhoraho Imana tutarya tutanywa, dusenga ijoro n’umurango muri iyo minsi itatu.
Ntaco bitwaye ishengero winjiriramwo, ntaco bitwaye ikibanza urimwo, haba mu buhungiro canke mw’ibohero, waba ukenye canke utunze, waba usanzwe ushonje canke ufise ivyo ufungura; umuntu wese arasabge kugira akigoro ko kwisonzesha muri iyo minsi kugira ngo dupfukame tudodore mw’ijuru, Uhoraho Imana itabare abantu, imiryango n’Abarundi bose.
Ayo masengesho y’amapfungo y’Ihanga ryose azotangura mu mutwenzi w’igenekerezo rya 3 ukwezi kwa gatandatu (Ruheshi) uyu mwaka arangire ku mugoroba w’igenekerezo rya 5 (Ruheshi). Tuzomara iminsi itatu, ata muntu agira ico afungura canke anywa. Abarongozi bobo bazoba batanguye amasengesho yo kwiyiriza kuva kw’igenekerezo rya 01/06 (Ruheshi) Basengera umurimo Uhoraho Imana yatanguje mu gihugu c’Uburundi.
URUTONDE

  • Umunsi wa mbere w’amasengesho kw’igenekerezo rya 03-06 (Ruheshi) ni umunsi wo kwihana ivyaha no gusaba imbabazi, kwiyeza no gutunganya n’Imana n’abantu. Mw’ijoro ryaho ni umwanya wo kwiga no kumenya umuhamagaro wawe, ico Imana yaguhamagariye. [Abalewi 11:44, Matayo 5:48, Abaroma 6:6]
  • Umunsi ugira kabiri w’amasengesho kw’igenekerezo rya 04/06 (Ruheshi) ni umunsi wo gusengera amasezerano y’igihugu cacu c’Uburundi. Umwe wese azokwereka Uhoraho Imana imitwaro yiwe yose, asengera umuryango wawe, anibuka amasezerano yahawe n’Imana. [2 Ingoma 7:14, Yakobo 5:16]
  • Umunsi ugira gatatu w’amasengesho yo kw’igenekerezo rya 05/06 (Ruheshi) ni munsi wo gushima Imana, gutazira no gushira hejuru Umwami wacu Yesu Kristo. Uwo munsi uwufise ishikanwa ryiwe azoritanga, ababishoboye bazoshira infungurwa abashonje, abapfunzwe, abarwaye, abamugaye n’abageze mu zabukuru. Amasengesho azorangira isaha cumin a zibiri z’umugoroba. [1Yohana 5:4, 1 Abikorinto 10:13, Yakobo 1:2-10]
    Mwibuke gutumirira abantu bose kwitabira aya masengesho, incuti n’abagenzi abana n’abakuze kugira ngo twese twibonere ukugira neza kw’Imana.
    UMWAMI N’UMUKIZA WACU YESU KRISTO YAMAMARE!