
INOMERO YO GUHAMAGARA UFISE IKIBAZO CEREKEYE AMASENGESHO YO KWISONZESHA.
Ihanga Ryera ry’Imana ryatumijeko amasengesho yo kwitanga ku Barundi bose abakuru n’abato, bari mu gihugu n’abari mu mahanga. Mu masengesho nk’aya Uhoraho Imana aba yatumye ngo turarikire abantu, ahora avamwo ibitangaza vyinshi: abantu kwishurwa imitwaro yabo, gukira indwara, gushirwako ikimenyetso c’uburinzi n’ibindi vyinshi bikoreka hirya no hino mu gihugu no mumahanga.
Ayo masengesho azoba ku magenekerezo ya 3, 4 na 5 Ruheshi (6) uyu mwaka twayatumiyemwo abategetsi batwara igihugu, abasirikare , abapolisi, abacamanza, abigisha n’abaigishwa, abanyagihugu bose harimwo impunzi, abapfunzwe, eka abantu bose.
Imana iragomba yuko abantu bihana bakezwa kugira ngo bakire. Iragomba yuko basengera amasezerano yabo, uburinzi niyindi mitwaro. Imana iragomba yuko twese tuduza ishimwe ryayo. Bibgirwa benshi bikumva benevyo.
Umuntu arashobora kuba afise ibibazo kuri ayo masengesho, umwe afise ibibazo vy’impwemu uwundi ashobora kuba afise ibibazo vy’umubiri, amagara n’indwara. Nico gituma twabahaye inomero y’umuhinga wo mw’Ishengero rya Yesu Kristo IHANGA RY’IMANA, Uyo ashobora kwishura ibibazo vy’impwemu n’ivyo ubuvuzi. Ufise ikibazo azomwandikire bavugane ivyekeye itegurwa ry’ayo masengesho n’ibindi bibazo vy’abiteze isezerano Uhoraho Imana yadusezetaniye. WhatsApp : + 257 6209 7472
Umwami Yesu Kristo yamamare!