
AMAZINA Y’IMINSI IGIZE INDWI
Mu ndimi zose ziri kw’isi umunsi wose ufise izina wintwa, ntiwitirirwa igiharuro. Ngo kuwa mbere, kuwa kabiri. Burya izina ni kirumara. Iyumvire nawe umuntu yobaho adafise izina. Nta karangamuntu yogira, ntahantu na hamwe yoja kuko ntaco yoba ari. Abavyeyi ba kera iyo barengerwa, bumiwe bakabura n’izina bakwita bapfuma bakwita “NTAZINA”.
Mu Kirundi, umwaka wose urafise igiharuro cawo kandi ntawusa n’uwundi. Amezi nayo nyene arafise amazina yayo. Ariko iminsi igize indwi, twari tubayeho iyi myaka yose atamazina ifise. Ayandi mahanga arafise amazina yita umunsi wose. Izindi ndimi zikoresha amazina abakera bitirira Imana zabo, aha twovuga nk’ibinyenyeri biri kw’ijuru.
Twebge nk’abari mu gihugu c’abemera Uhoraho Imana, ntitwokoresha amazina y’imana nyenyeri zabo, ahubgo Uhoraho Imana yacu yaraduhaye ivyo yakoze kira munsi ugize indwi dushobora kwitirira umunsi wose.
- Dimanche (igifaransa) Sunday (icongereza) basenga izuba (sun) Uhoraho Imana yaremye umuco, uwo munsi tuwita kuw’umuco. [Itanguriro 1:3]
- Lundi (igifaransa) Monday (icongereza) basenga ukwezi (Moon) Uhoraho Imana yaremye injuru, uwo munsi tuwita kuw’ijuru. [Itanguriro 1:8]
- Mardi (igifaransa), Tuesday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Mars) Uhoraho Imana yaremye ibimera, uwo munsi tuwita kuw’ibimera. [Itanguriro 1:12]
- Mercredi (igifaransa), Wensday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Mercure) Imana yaremye izuba, ukwezi n’inyenyeri; uwo munsi tuwita kuw’ibinyenyeri. [Itanguriro 1:16]
- Jeudi(igifaransa) Thursday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Jupiter) Uhoraho Imana yaremye amafi mu kiyaga n’ibiguruka mu kirere ni kuw’ibiguruka. [Itanguriro 1:20-22]
- Vendredi (igifaransa) Friday (icongereza) basenga inyenyeri yitwa (Venus) Uhoraho Imana yaremye ibikoko biba kw’isi n’umuntu mw’ishusho yayo ni kuw’abantu. [Itanguriro 1: 27]
- Samedi (Igifaransa) Saturday (icongereza) basenga inyeneri yitwa (Saturne).Uwo munsi ugira indwi Uhoraho Imana yarawuruhutse, iraweza, iwuha umugisha ni kuw’akaruhuko. [Itanguriro 2:2]
Turahejeje kuronka amazina y’ukuri y’iminsi igize indwi, tuyakoreshe.
Umwami Yesu yamamare!