UKUBGIRA UBUTUMWA AMAHANGA N’UKUBATIZA NI ICAGEZWE GIHAMBAYE TWAHAWE N’UMWAMI YESU.

Mw’ishengero rya Yesu Kristo- IHANGA RY’IMANA ntirivuga ku karimi ivyagezwe vy’Imana mugabo ryahisemwo kwumva no gukora. Nico gituma twakwiriye imihingo yose y’igihugu tugenda turigisha Abarundi bose n’abanyamahanga ukwizera Yesu Kristo, ukwinana ivyaha n’ukubatizwa mw’izina ry’uwababambiwe Kristo Yesu. Abizera baruzuzwa Mpwemu Yera bagahita bategurwa gukorera Uhoraho Imana. [IVYAKOZWENINTUMWA 2:38]
Imana ntiyadutumye kubanza kwubaka amasengero no gushiramwo ibikoresho vy’umuziki kugira ngo dukwege benshi bozana ibigiracumi n’amashikanwa nkuko abanyamadini babigenza. Yadutumye kubanza kwubaka ibicaniro vyo mu mitima, mu miryango no ku mitumba, abantu bakabanza kumenya ukuri kwose, bakagororokera Uhoraho Imana maze amakoraniro manini yo mu masengero y’agakura akaza Umwami Yesu Kristo amaze gushinga imizi muribo. Ntawokuyangiza ivyo agaciro ku bihunda. Nico gituma isi yose yuzuye amashengero, ivyo bita ubutumwa bukavurwa ariko abanyavyaha bagatera biyongera gushika naho abantu bibaza iyo abantu b’Imana baroye. [ Matayo 22:34-40]
Uyu mubatizo wabereye mu ntara ya Gitega, aho Ihanga Ryera ry’Imana risanzwe riremesha ibicaniro vyinshi. Muntu utarabatizwa muri Yorodani, uwahawe umubatizo wo kuruhanga yarahenzwe, urakwiriye kwizera, ukihana kandi ukurondera kubatizwa neza kugira ngo ushitse ukugororoka kwose. [Matayo 3:15]
Umwami Yesu yamamare!