Ikizamini kigira umunani

IKIZAMINI KIGIRA UMUNANI
Nkuko twatanguye tubigenza kuva ku kizamini ca mbere, ku kabazo kose kaba kariko inyishu zine mugabo imwe gusa niyo y’ukuri. Naho wobona umengo inyishu zirenga imwe zishobora kuba zo, iyo ukuri ni imwe gusa wisunze ico ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya canke iryahishuwe na Mpwemu Yera.

  1. YESU KRISTO YAGIYE MURI YORODANI KUBATIZWA NA:
    a) Yohana Umubatiza kuko yari muvyarawe.
    b) Yohana Umubatiza kuko yabatiriza mu mazi meza.
    c) Yohana Umubatiza kuko yibera mu bugaragwa agatungwa n’ubuki.
    d) Yohana Umubatiza kugira ngo ashitse ukugororoka kw’Imana kwose.
  2. SAMUSONI YARONGOYE UMUFIRISITIYA KAZI DELILA:
    a) Kuko atabakobga beza bari mu b’Isirayelikazi
    b) Kuko Delila yari icitso catumwe n’Abafilisitiya abansi b’Abisirayeri
    c) Kuko wari umugambi w’Imana wo kwerekana ubushobozi bgayo.
    d) Kuko abavyeyi biwe n’abagenzi bamuhanuye ku murongora.
  3. ANANIYA NA SAFIRA BISHWE N’INKOTA Y’IMANA
    a) Kuko baciye kubiri n’amategeko y’umuganzabami wi Roma.
    b) Kuko bacumuye ku cagezwe Mpwemu Yera yari yatanze.
    c) Kuko kwiba no kubesha ari ivyaha vyanditswe mu vyagezwe icumi.
    d) Kuko bari bubatse bidaciye mu mategeko.
  4. NI TWASHIKA MU BURUNDI BG’ISEZERANO
    a) Tuzorongorwa n’ivyagezwe icumi Mose yaherewe ku musozi sinayi.
    b) Tuzokwicara turuhuke kuko tuzoba turangije urugendo.
    c) Tuzoba dutanguye urugendo ruhambaye rwo kurondera iminyago dutwara mw’juru. d) Tuzoca dutangura guhigana n’ibishusho biri mu gihugu.
  5. MURI CA GICIGU CANYUMA ABISIRAYELI:
    a) Bagiye batwaye ivy’iwabo n’ivyo Abanyegiputa.
    b) Bagiye imbokoboko kuko bari kumwe n’Uhoraho Imana.
    c) Bagiye ataco batwaye kuko bagiye bacitse mu ivyara vya Farawo.
    d) Bafashe inzira idashika kuko Mose yari yabahenze. WWW.ABISEZERANO.COMIHANGARYIMANA@GMAIL.COMTEL+257 61404181 & +257 61097472