Kuja mu bikorane mpuzamashengero (oeucumeisme) ni uguhumana ntimukifatanye nabo.

NTA MUNTU N’UMWE YIZERA YESU KRISTO YAMUBEREYE UMWAMI N’UMUKIZA W’UBUGINGO BGIWE YOJA MU BIKORANE MPUZAMASHENGERO KUKO NI UGUHUMANA.

Mwarigishijwe, mwarabariwe kandi mwarahishuriwe yuko ata muntu n’umwe yakijijwe vy’ukuri yokwisukiranya n’abatizera Yesu Kristo. Hariho abamutwara kw’izina gusa mugabo batamufise kuko badakurikiza ivyanditswe vyera babivuga ku munwa gusa. Hari uwo Kristo yababereye Umwami n’Umukiza w’ubugingo bgiwe yoja mu bikorane, amasengesho canke kwifatanya mu mirimo n’abo biyita mpuzamashengero (oeucumenism.) Ni ikizira kuko ni imigenzo gus a nta Mana ihegerara.
Mu gihugu c’Uburundi haratunganywa cane cane ibikorane vy’abanyapolitique bahamagarira amasengesho n’ibikorane mpuzamashengero yose kuja ku bibiga vy’umupiri kwigishwa n’intakebga. Umuntu atazi ukuri yokwigisha iki atari ukuguteragiramwo ubumara, ibinyoma no kugusubiza inyuma! Mu nyonga z’Imana ni igihumaya kandi ni ubuhanuzi bgeruye. Ibi tubivuze mu buryo bgeruye kuko hariho inshirasoni, ababeshi n’abagumutsi babivuga ukundi mu mvugo ndenzarugero kugira ngo bankishe abantu ibikorwa vya leta vyose kuko badashobora gutandukanya ivyo impwemu n’ivyo umubiri. Ukwifatanya na malaya w’agahebuza (oeucuminisme) ni uguhumana. Ntukwegwe no kuboneka mu gihugu, ureke Imana abe ariyo igushira hejuru.
Ukwiriye kwubaha abaganza muvyo bagutegetse vyose kiretse igihe baguhamagarira gukora ibiteye kubiri n’amabgirizwa y’Uhoraho Imana. Bigisha ngo ni amahoro kubera bose bakoraniye kunywa wino irimwo umwambiro. Umwami Yesu yaratugabishije ati :

  • « Ntimwibaze yuko naje kuzana amahoro kw’isi namba, ahubgo naje gutandukanya abizera ukuri n’abizera ibinyoma. » [Luka 12 :51]
  • « Ntimwibaze yuko naje kurungika amahoro kw’isi, ahubgo nabarungikiye inkota. Ijambo ry’Imana » [Matayo 10 :34]
  • « Kandi muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje, mugabo uwuzokwihangana gushika kw’iherezo azokizwa. » [Mariko 21 :17]
    Mwirinde ababahamagarira mu bikorara mpuzamashengero, aho abatazi ukuri aribo bafata ijambo ngo babigishe ; aho abatakiriye agakiza k’ukuri aribo bitwa amazina y’ivyubahiro bakabegeranya ngo ni muze mwumve ubutumwa bg’amahoro. Habgirwa uwumvakandi herekwa uwubona.
    Umwami Yesu Kristo yamamare !