Igeneerezo rya 15/01/22 ni umunsi ufasanzwe w’amashimwe n’isangira ry’Abera.

Ku munsi wa KARUHUKO (Samedi, Saturday) igenekerezo rya 15 Nzero uyu mwaka wa 2022, Abera bose bafise umunsi mukuru wo gushima Imana no gusangirira hamwe. Tuzozinduka twese twiyeza kandi dushima Uhoraho Imana tumutazira. Inyuma yaho tuzozanya ibirenge duce dukora Isangira Ryera.
Mu gushima, gutazira no gukengurukira Uhoraho Imana yacu, tuzoca dusangirira hamwe ivyo umwe wese yazanye canke ivyo twateguriye hamwe. Inyuma yaho umwe wese azoca asubira ku muhana iwe. Abizera bazobikorera ku masengero no kubicaniro ariko aho bitari bazobikorera mu ngo zabo. Abegeranye bazoje hamwe ku muhana kuri uwo munsi udasanzwe wo gushima, kwozanya ibirenge no gusangira.
Abasenzi b’abinginzi b’Ihanga Ryera ry’Imana bazoba batanguye ayo masengesho yo gushima no kunezerererwa Uhoraho Imana bari kumwe n’abarongozi kuva kuwa Bantu (Vendredi-Friday)14/01/22 gushika kuwa Muco(DimancheSunday) igenekerezo rya 16/02/2022/ Yesu Kristo yamamare!