Ugutandukana kuri bamwe n’abandi kuregereje. Hari umugeni aduzwa mw’ijuru n’abakozi basigara mu mirimo mw’isi.

FATE UMWANYA WO KWUZANGA KURI AYA MAJAMBO YA ELIYA NA ELISA BAJABUKA YORODANI. UMWE NI UMUGENI ADUZWA MW’IJURU UWUNDI ASIGARA MW’ISI. [2 ABAMI 2 :2-18]

  1. Maze Eliya abarira Elisa, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Beteli. Elisa aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baramanuka baja i Beteli. 3 Bashitseyo, abigishirizwa i Beteli ivy’ ukuvugishwa baza gusanganira Elisa, baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.
    4 Maze Eliya yongera kumubarira, at’ Enda rero Elisa, sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye i Yeriko. Aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko baja i Yeriko. 5 Bashitseyo, abigishirizwa i Yeriko ivy’ ukuvugishwa baza kuri Elisa baramubaza, bati Harya urazi yuk’ uyu musi Uhoraho agiye kukwaka shobuja? Arabishura, at’ Ego me ndabizi, ariko ni mupfe gucereza.
    6 Eliya yongera kumubarira, at’ Enda sigara hano, kuk’ Uhoraho antumye kuri Yorodani. Na we aramwishura, ati Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Nuko bompi barajana. 7 Maz’ abantu mirongwitanu mu biga ivy’ ukuvugishwa baragenda bahagarara kure aharabana na bo, abo bompi bagihagaze kuri Yorodani
    8.Maze Eliya yabira umutamana wiwe, arawuzinga, awukubitisha amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo, nuko bompi bajabukira ahumutse.
    9 Bamaze kujabuka, Eliya abarira Elisa, ati Nsaba ico ugomba ko ndagukorera, ntaratandukanywa nawe. Elisa aramwishura, ati Ntabara umpe imigabane ibiri y’impwemu yawe, ngw imbeko.
    10 Aramwishura, at’ Unsavye ikigoye; mugabo ni wambona ngitandukanywa nawe, biza kukubera birtyo; na ho n’utambona, ntibiza kuba birtyo. 11 Hanyuma bakiriko baragenda bayaga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya aduganwa mw ijuru n’agashururu.
    12 Elisa abibonye, araboroga, ati Yewe ga data we, yewe ga data we, wabereye Abisirayeli imikogote n’abagendera ku amafarasi! Nuko ntiyongera kumubona ukundi. Maze yitantamurirakw impuzu ziwe, azigiramw’ ibitabu bibiri. 13 Araheza atora umutamana wa Eliya wamukorokanye, arahindukira; ashitse ku nkombe ya Yorodani, ahagararaho.
    14 Yabira wa mutamana wakorokanye Eliya, awukubitisha amazi, aravuga, at’ Uhoraho, Imana ya Eliya, ari hehe? Amaze gukubita amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo; nuko Elisa arajabuka.
    Yabira wa mutamana wakorokanye Eliya, awukubitisha amazi, aravuga, at’ Uhoraho, Imana ya Eliya, ari hehe? Amaze gukubita amazi, aca yigabanyamwo kubiri, amwe aja ukwayo ayandi ukwayo; nuko Elisa arajabuka.
    15 Maze bamwe b’i Yeriko biga ivy’ ukuvugishwa, bar’ aharabana na we, baravuga, bat’ Impwemu ya Eliya iri kuri Elisa. Nuko baraza, baramusanganira, bakubita inkoro hasi imbere yiwe. 16 Baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe turi kumwe n’abantu b’inkomezi mirongwitanu; nuko turakwinginze, reka bagende baje kurondera shobuja; kumbure Mpwemu w’Uhoraho yoba yamuteruye, akamuterera ku musozi muremure, canke mu mwonga. Aravuga, at’ Oya, ntimubarungike. 17 Baramuzigiriza gushitsa aho vyamuteye isoni, araruha aremera, ati Ni mubatume. Nuko batuma abantu mirongwitanu, bamara gatatu bamurondera, baramubura. 18 Bagarutse iy’ ari, basanga akir’ i Yeriko; arababarira, ati Sinababujije kugenda!