Uhoraho Imana akomeza kudukorera ibikomeye.

UHORAHO IMANA AKOMEZA KWIYEREKANA MU GIHUGU CACU KUBERA AMASENGESHO Y’ABERA

Nkuko twari twarabibamenyesheje, hari haheze imyaka 8 yarapfuye none yatowe ari muzima arisha ivyatsi none ubu arayaga neza akavuga uko vyagenze.
Abakenyezi 2 bariko barapfa umwana w’umuhungu aheruka gutorwa ku mutumba wa Rugunga, yariko arya ivyatsi ubu nabo batangaye.
Uwo mwana afise imyaka 13, nta jambo narimwe azi kuvuga ico ashaka kuvuga cose akoresha ibimenyetso. Abamubonye aho yagenda yavura arya utwatsi, baciye bamutwara mumasengesho mw’ishengero. Aho niho kuva ku munsi wa mbere bamusengera, bakamuha utwo afungura ariko basamaye aca atora utwatsi canke ico afashe cose akarya.
Ku wa gatatu, abagore babiri barahaserutse bose bavuga ko uyo mwana ari rwabo bose.
Marie Chantal, aba ku #Musenyi muri commune #Mpanda, aremeza ko uyo mwana yari yapfuye afise imyaka 5 kandi yaramuhamvye. Ngo yoba yari yarabitswe n’umurozi kugira aze amukoze ivyo ashatse
Uwa kabiri ni umugore wa Hicuburundi Emmanuel, uyo mugore aba ku mutumba wa Cimbizi ni muri commune Bubanza. Avugako uyo muhungu yiga, ariko ko yari yamubuze haheze indwi 2 , ahandi ngo ni amezi 2.
Kuwa gatatu, abo bagore barateye uruhagarara ku mutumba wa Rugunga. Igipolisi caciye kibapfungira muri commissariat y’i #Gihanga aho bumvirijwe bose uyu munsi wa kane
Inyuma yo kwumvirizwa Musitanteri w’iyo commune afadikanije na OPJ bashimye ko amatohoza yo kurondera nyen’uwo mwana yobandanya bidegemvya. Bagisohoka, abanyagihugu bagira bihe uyo mugore wo mu Cimbizi abapolisi baca barahashika bamusubiza mugasho.
None ninde azotatura aba bakenyezi? Uyo mwana we abandanya asengerwa mw’ishengero, akaba ariwe yobatatuye nawe ntavuga muri ico gihe.
Ubu rero yatanguye kuvuga vyose bigira bije ahabona.
Abasenga ni bakoze ntibahagarike kuko Uhoraho Imana yacu aguma yiyerekana muri bito na binini. Twahawe ububasha bgo gukandagira inzoka na sikoropiyo. [Luka 10:19]
Kuwa ( 25/12/2021) ni ho yagoborora ururimi atangura ijambo rya mbere ati: « Ha, haleluya!  » nk’uko abari bari kumwe na we bavyemeza.
Ubu avuga nk’abandi bana. Ariko rero ngo arakunda guhinduka iyo hari abantu baje kumuraba bavuga ko ari incuti ziwe.
Umwami Yesu yamamare !