Uwibaza yuko ahagaze yiyubare kuko imitego ya satani yo ku kugwisha yatezwe.

MU-KRISTO, AHO URI HOSE WAME WUBAKA MUGABO UGAVYE KANDI UGIRE URUKUNDO RWUZUYE UBGENGE RWISUKA NK’AMAZI Y’UMUSARARA.

Uyu munsi urondera indyadya, abasambanyi, ababeshi, abasuma, abacokoranyi n’abakorera mu buzimire ; ubasanga mu madini, amashengero n’abiyita ngo ni abakozi b’Imana bavuga yuko bazi ukuri kandi bihagarariye ku nyuguti gusa.
Wumvirije utujambo bavuga n’imirongo ya Bibiliya bakoresha, udafise Mpwemu Yera aguhishurira ubugunge bgabo wojana narwo. Igihe cose uberetse ukuri n’umuco baca bagerageza kubihindukiza no kubikoresha ku nyungu zabo kuko bashize imbere amaronko n’ivyubahiro babirutisha guhesha Uhoraho Imana icubahiro cayo.
Ivyo ntibizokubuze kwama mu muco no mu kuri. Ntibizokubuze kwama ukunda abaremwe bose no kuba umurwaneza. Umutima wawe wame ududubizamwo urukundo n’uburwaneza bisesekaye kandi ntibikakubuze kwama uriko urubaka wagira ubgami bg’Imana mu mitima y’abantu.
Uko abanyakibi n’abanyavyaha baguma bubaka ivyo bita vyiza kandi bisayangana nk’imva zikuyengeje ingwa, niko mukanya isase Uhoraho Imana azoreka ububi bgabo bugasambura ivyo biyubakiye. Nta giti kitatewe n’Imana kizoguma gihagaze kitaranduwe kandi nta mwana w’umuntu ashobora gushingura akarimbi Yesu Kristo yashinze.
Umwami Yesu Kristo Yamamare!