Amakuru y’ijuru afitiye akamaro abera bose ni ukuyasoma.

WAME WIYUBARA MURI VYOSE KANDI URONDERE ABAVUKANYI MURI KRISTO YESU MUKORE URUNANI.

Kenshi na kenshi iyo twihanye ivyaha, tugakizwa, tukabatizwa tukezwa tukuzuzwa Mpwemu Yera mbere tukanzika gukorera Imana; haraho twihenda tugashira agati mu ryinyo ngo turatsinze rurayi bigatuma dusamara. Nti twijajare!
Satani atageze umutwe kugerageza umwana w’Imana amaze iminsi 40 tweho ntatugera umutwe ahariho hose. [Matayo 4:1-11]
Abakozi b’Imana benshi batangura neza mugabo bagaheza nabi kuko satani abavangira akabatwara akayombekere bakaguma bavuga ubutumwa bisa no kudebagura kuko buba bgarashizemwo ukuri kwose. Abizera nabo abashirako uruhumyi bakaguma bakurikira ubgije, bagashigikira ibinyoma kugira ngo bose bajane muri gihonomu.
Nico gituma mu gihugu haguma havurwa ubutumwa bginshi, ibikorane bigakurwa n’ibindi mugabo ivyaha bikaguma vyiyongera. Burya ubukene, inzara, urwanko, indwara, impfu n’ibindi bibi vyinshi biva yuko Imana itaba iri mu gihugu no mu bantu naho amasengero ataba asiba kwuzura.
Satani n’abadayimoni baraza bakabirwandikamwo, bakiyorobeka, bakabarwaniriza imbere mu mutima wanyu. Abantu bakirya icara ngo baragororotse kandi bari mu buzimire.
Ivyo vyatumye Ihanga Ryera ry’Imana ryongera kubaha bushasha inomero z’abakozi b’Imana mworondera iyo mufise utubazo ku butumwa bgiza, murondera aho mushobora gusengera ku bicaniro biri hafi, ugomba ubufasha, ukwihana, ugutunganya, ukubatizwa, ukuganira na beneData n’ibindi. Ubugirigiri bugira babiri.
Ihanga Ryera ry’Imana ryabashikirije kandi inomero mushobora gushikirizako ico mubonye kitagenda neza mu murimo w’Imana “ Ico ubonye cose giteye amakenga” uca ubarondera. Ushobora kuba ufise ikibazo c’Uburongozi wokibaza kuri izo nomero canke ufise ivyo weretswe, intahe , amashimwe, ubutumwa n’ibindi bishobora guca kuri Radio Television Isezerano Internationale.
Hari n’ubutumwa bg’ijuru bgaciye ku bicaniro bitandukanye aho ijuru rigabisha abizera bose, ukwiriye kubumenya ndetse ugasoma n’imirongo ya Bibiliya Yera y’urufatiro yanditse ku mafoto.
Twese hamwe dufatanye mu nda kandi tubasengeranira umwansi azota ahunge. Umwami Yesu Kristo yamamare!