Ibara ryaraye riguye mu burongozi bg’ishengero rya Ezeubu.

ISHENGERO RYITIRIRWA UHORAHO IMANA AHO KUBA INZU Y’UBUKIRIRO RYABAYE INZU Y’AMAHONERO.

Kw’isi hose turumva ivyerekeye indyane ziri mu mashengero atandukanye aho ibikorerwayo biteye akoba ku buryo bisambura imitima y’abizera.
Bigeze mu gihugu cacu biribonekeza ku buryo bgeruye, aho amashengero yacitse itabaguriro ry’imitima bigatuma vyibonekeza yuko yose yataye intumbero Yesu Kristo yahaye ishengero yasize ashinze mw’isi.
Tutarinze kuja mu vyibonekeje muri Kiliziya Katolika, idini rya Islamu, amashengero ya Pentecôtes, Adventistes n’ayandi; turabona yuko ivyaraye bishitse mw’ishengero rya Ezuebu vyirekana ingene amashengero yitirirwa Imana ahagaze mu gihugu c’Uburundi.
Inyuma y’intureka ziboneje muri iryo shengero bivuye ku kutemerana kw’abarongozi, ukwisukiranya n’imihari n’imigambge kw’abarongozi hamwe n’ukudakizwa vy’ukuri kugira ngo bashobore kurongora ubgoko bg’Imana; baraye bihaye inkumbi.
Uwuserukira iryo shengero imbere y’amategeko ari kumwe n’uwuserukira iryo shengero mu gihugu c’amerika barashwe n’umuntu yambaye umwambaro wa gisirikare yari yabategereye imbere y’inzu batashe mu Ruziba muri Bujumbura.
Uwo aserukira iryo shengero yaciye asandaba aho nyenye, uwo mushitsi wiwe nawe atwarwa mu bitaro asinzikaye cane.
Uhoraho Imana yaravuze yuko agiye kurangiza ibibazo biri mu gihugu cacu akoresheje inkota kuko Abarundi bose banse kwigarura kugira ngo batunganye igihugu yabahaye nkuko bibereye abatoranijwe n’Imana.
Uwufise amatwi ni yumve ico Mpwemu w’Imana abarira umurundi wese aho ari.