Imburi ya nyuma yo kwihana, kubatizwa no kwiyeza. Vya bihe biraje.

MURAHAMAGARIWE MWESE UMWE WESE KWISUZUMA YUKO YEJEJWE KUKO IGIHE KIRASHITSE VUBA.

Uhoraho Imana y’Ihanga Ryera imaze imyaka itegura abo yatoranije ngo bakwize ishimwe ryayo. Haraciye iminsi yarahagurukije abakozi batandukanye gusemerera ngo abantu bihane kugira ngo bakire uburake bg’Imana. Muri uko gusemerera, harisutsemwo indyadya, abasuma, ababeshi n’abandi bironderera ivyubahiro; bose bagerageza kuvanga ijambo ry’Imana n’ibinyoma kugira ngo bashike ku nyungu zabo. Abandi bavanze imburi n’ubuhanuzi n’amarangamutima yabo ngo bikunde bashike kuvyo bipfuza. Hariho n’abaherageje gutyoza intumwa z’Imana kugira ngo bishire hejuru. Kandi Ivyo vyose vyaciye intege abizera benshi abandi bituma bazazanirwa barabivamwo.
Ariko naho biri uko, reka tubatere intege kandi tubagarukane mu nzira y’ukuri. Mwirinde ivyiyumviro vy’imihari n’imigambge, mwirinde inyigisho z’amadini n’amashengero, mwiyambure amacakubiri y’amoko n’imiryango kugira ngo mwezwe mukurikire Umwami Yesu Kristo wenyene. Afise Ishengero rimwe gusa kandi ni naryo Hanga ry’Imana rimwe gusa. Ukurikiye ivyishushanya uzozimizwa.
Uhoraho Imana agira ati: « Nararindiriye yuko abantu bihana, ndabaha umwanya ukwiriye, ndabatumako n’abakozi banje batandukanye none ubu igihe kirarangiye ngire nshitse mu kanya isase ico nasezeranye ».
Imana irashikije isezerano vuba cane. Iraje gushitsa ku gihugu no kwishengero. Izere, wihane wihuta; ubatizwe wezwe vyihuse kuko hagira hagere umuryango urugawe. Iyi mburi ishobora kuba iyanyuma imbere yuko mwumva kandi mukibonera ibimenyetso biteye ubgoba.
Ntimwishinge ibikoresho vya satani bibasamarisha utujambo jambo binyegeza mu mirongo ya Bibiliya canke bakoresha amajambo meza menshi atabashimangira mu kwizera Yesu Kristo no guhinduka. Muzomenyera abakozi b’Imana bukuri muvyo bavuga n’ivyo bakora batari mw’ivugabutumwa kuko umuntu wese atanga ivyo afise.
Tunganya, tunganya, tunganya kuko isezerano riri kurugi. Ba Ruburakigongwe basagaje ngaha kandi isaha yabo yageze, urabe yuko uhagaze neza kandi yuko ugiye kwambuka. Ufise ikibazo turondere.
Umwami Yesu Kristo yamamare!