


INAMA NSHIKIRANGANJI YARAYE YIZE UMUGAMBI WO GUHINDURA IBGIRIZWA RIGENGA AMADINI N’AMASHENGERO RIHINDURA IRIHASANZWE NOMERO 1/35 rya Kigarama 31/2014.
Muri iyo nteguro y’ibgirizwa ibikuru bikuru bize twovuga ni ibi:
- Gukuraho umugwi w’igihugu usanzwe ujejwe ibibazo vy’amadini n’amashengero;
- Gushiriraho amadini n’amashengero urutonde rw’iminsi n’amaha yo gusengerako;
- Gushiraho ingingo ntarengwa ku madini n’amashengero arondera kwemererwa mu gihugu;
- Gushinga itegeko yuko uwudafise urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza yuko adashobora kurongora idini canke Ishengero ;
- Yuko uburyo byose bukoreshwa buvuye hanze bgokwerekanwa bukamenyekana.
- Kuguraho ingingo ivuga ivyerekeye imboneza mu madini n’amashengero;
- Gushiraho ingingo itegekanya ishirwaho ry’urwego rw’ivyizerwa;
- Gushiraho ingingo ivuga yuko abarongozi batorwa kandi bagatandukanirizwa amazina y’ivyubahiro ku buryo bg’amatora rusangi;
- Gushiraho urwego rujejwe gutatura amatati ku bubgiriza;
- Gutangura gutanga uruhusha mfatakibanza imbere yuko batanga uruhusha nyezina babanje kuraba yuko vya ngombga bikwiriye;
- Gutandukanya ivyo uwerekeye guserukira idini canke Ishengero imbere y’amategeko n’ivyuwujejwe gutunganya amasengesho;
- Yuko uwizera yoshobora gutambikiza mu madini n’amashengero menshi mugabo yuko atawoja mu nzego z’idini canke Ishengero rirenga rimwe ;
- Gushiraho itegeko ribuza umuntu kwifata nk’imana kandi rikabiza kuvuga yuko ata Mana ibaho.
- Yuko inzego za leta zotunganya amatora mu madini n’amashengero igihe abarongoye idini canke Ishengero bibananiye igihe bahejeje ikiringo cabo;
- Kwigisha amadini n’amashengero gutanga ikori muri Leta igihe bakoze ikintu cinjiza amafaranga.
Bien reçu, merci du partage de l’information
J’aimeJ’aime