

UMWIMBU W’ABAKRISTO UBONEKERA MU BANTU BASHIKANA KU GAKIZA KUZUYE.
Abantu benshi bariyita aba-Kristo, abandi bakiyita amazina y’ivyubahiro kandi ataribo, atanico bamariye ubgami bg’ijuru. Mwene abo nibo basibije igihugu. Umwimbu w’abana b’Imana ntubonekera mu majambo menshi bavuga, ubonekera mu mu bikorwa bakora. Ni abantu bagahe babgira ubutumwa, bangahe bashikana ku gakiza, bangahe babatiza, bangahe bakurikirana kugira ngo babashikane ku kugororoka kwuzuye kugira ngo bazoje mw’ijuru. Iyo niyo raporo umukozi w’Imana ategerezwa gutanga. Agakiza k’abantu si igikorwa c’umwanya umwe n’igikorwa kibandanya kugira ngo umuntu abe uwuzuye. [Abaroma 8:24 na 5:9]
Hariho abiyita abasenzi, abiyita abahanuzi, abiyita abungere (Reverand) n’abiyita abakama (bishop) kandi ari impehe nsa, ari ibiti burumvye. Abiyita amazina yivyubahiro murabace kure kuko bagenzwa no kunyoha ubusho bg’intama za Kristo. Abo bagenda barayerera hirya no hino mu madini n’amashengero badandaza amazina yabo yivyuhahiro. Bavuga nabi abo Imana yatoranije babita aba escrots, babita inkozi z’ikibi n’ababeshi kuko baba bariko barivuga mu kugaragaza ingeso z’ububegito ziba zarashinze imizi imbere ibgina mu mitima yabo. Bacuruza utujambo twurwanko n’ubupfunya muribo. Uyu bamubgira yuko bari muri iri shengero (Ihanga Ryera ry’Imana) mbere yuko barirongoye, urya bakamubarira yuko bari mu rindi shengero ahanaka kuko ari abasambanyi mu buryo bg’impwemu zabo. Ugukorera Imana si ukuba umunyamadini urondera iyo bihiye mugabo ni ugutama ukitangira abana b’Imana. [Matayo 5:12]
Ubukozi bg’Imana ntibubonekera mu bigiracumi n’amashikanwa utoza mu mashengero y’abizera kandi ntibibonekera mu bikorane n’inama utumirwamo. Gukorera Imana ntibibonekera kandi mu majambo menshi uvuga ngo uriko urigisha, bibonekera mu gitigiri c’intama ushikiriza Yesu Kristo uzicishije mu muriro, amazi n’amaraso[Matayo 7:21-23]
Ugukorera Imana ni ukwicisha bugufi, ukaba umurwaneza, ukitaho impfuvyi n’abapfakazi, abagendana ubumuga n’abageze muzabukuru. Ugukorera Imana si ukuyerera mu madini n’amashengero uvaha uja aha ngo ntibagufashe neza, urondera ivyubahiro n’uturusho. Kugenda uravuga nabi uyu n’uriya kuko batakuretse ngo wonone umurimo w’Imana nti bikugira uwera ahubgo wewe nyene ubuvuga bigukurako agashambara. Ugukorera Uhoraho Imana ni uguhagarara kandi ugahagararira ico wizeye, ukabandanira gukomeza Ishengero rya Yesu Kristo aho uri hose vyoguma canke vyoroha.
Ugukorera Imana si ukwidoga yuko amaReta n’ubutegetsi bgafashe ingingo zo kutorohereza abasenga n’abakorera Imana. Ugukorera Imana ni ukurondera abazimiye, ukababgira ubutumwa bgo kwihana ivyaha n’ukwezwa, ukababatiza, ukabarera bakuzuzwa Mpwemu Yera hanyuma ukabaramura kugira ngo baje kwagura ubgami bg’Imana mu gihugu no mu mahanga. [Matayo 28:16-20]. Ugukorera Imana ni ukubera akarorero keza abizera n’abatizera, mu majambo uvuga, mu mero yawe no mu mikorwa bikuranga.
Umwami n’Umukiza Yesu Kristo yamamare hose, Amen!