
𝐂𝐀𝐍𝐊𝐔𝐙𝐎, 𝐢𝐤𝐢𝐛𝐚𝐳𝐨 𝐜’𝐮𝐦𝐮𝐲𝐚𝐠𝐚𝐧𝐤𝐮𝐛𝐚 𝐠𝐢𝐭𝐞𝐲𝐞 𝐚𝐦𝐚𝐤𝐞𝐧𝐠𝐚, 𝐚𝐛𝐞𝐧𝐞𝐠𝐢𝐡𝐮𝐠𝐮 𝐛𝐚𝐬𝐚𝐛𝐚 𝐑𝐞𝐠𝐢𝐝𝐞𝐬𝐨 𝐧’𝐢𝐧𝐭𝐰𝐚𝐫𝐨 𝐤𝐮𝐜𝐢𝐜𝐚𝐫𝐢𝐫𝐚
Aba nya #Cankuzo batari bake baridogera ishirahamwe #REGIDESO kw’icikagurika ry’amatara rya buri kanya ngo rinabatera amakenga, ndetse ngo bakanibaza uwuzobaha indishi y’akababaro igihe ibikoresho vyabo vyahiye uravye ukuntu ucikagurika.
Abo benegihugu bo mu Cankuzo ngo abakoresha umuyagankuba nta n’ico ukibamariye na cane cane abasumira imiryango kubera wo. Bati vyatanguye bawubura ku mugoroba, ubu rero ngo nta mutaga canke umugoroba vyose ni co kimwe aho ngo bageze n’igihe bawubura ijoro ryose bakawuronka ku murango amasaha agiye ku bw’igihamana bakawuronka n’ijoro. Ubajije abakora muri Regideso aho mu Cankuzo ngo inyishu ni ya yindi. »Ikibazo kiri i Muyinga, hari igiti c’amatara caguye, hari igikona caguye ku ntsinga, ni ikibazo kiri mu Burundi bwose ».
Bamwe bakemeza ko kenshi uwo muyagankuba ubura kandi i Muyinga uriyo bakibaza ko bishoboka ko bawutwara kugira amahinguriro ashobora kuba ashika kuri abiri ya Muyinga aronke umuriro ukwiriye na rirya ngo n’uwuriho ari muke. Ngo hamwe vyoba ari ivyo « Nta mwana n’ikinono » nibatunganirizwe, Regideso itange umuco, nazo indongozi z’intara zibigire ico kibazo, ababeshejweho n’umuyagankuba bareke kwicwa n’inzara, na bo abawugura kugira baboneshe amazu bareke kwongezako amahera y’ama bougies kuko biteye isoni. Ngo atari uko bapfume bakuraho igisata ca Regideso muri iyo ntara, bize birakora Muyinga. Igihe umuyagankuba wacitse mu masaha y’akazi usanga abakozi b’ishirahamwe biyicariye hanze ku kazi na bo nyene barindiririye mu bandi, na yo mw’ijoro bakaririra aho abandi baririra.
Ngo ariko igitangaje, aho Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yari amaze iminsi muri iyo ntara, amatara yacitse umwanya muto ushoboka kandi utarenga iminota. Bakibaza igituma umuyagankuba woba waciye uboneka.
Iryo bura ry’amatara ririho mu Cankuzo mu gihe hari n’ikibazo c’amazi mu ma karitiye amwe amwe, ngo aho abakora muri Regideso bihutira kwugarira amazi abantu iyo baheranye imbere yo kuyarwiza ngo hakaba hari n’abandi bafise amakenga ku mahera barihishwa kuko bisanga barishe umurengera bikanatuma kenshi bashamirana n’abakorera ngaho muri Regideso.
Ico kibazo c’amatara kikaba kivurwa mu Cankuzo mu gihe no mu mihingo itari mike y’igihugu nka #Ruyigi ngo aho bamara iminsi ishika ine (4) batazi icitwa umuyagankuba, #Bujumbura, muri Karitiye #Kamenge na yo nyene ihanzwe n’amazi, #Buterere n’ahandi. Gitega ikaba iri mu ntara za mbere icifashe neza mu vy’umuyagankuba wa Regideso.
[…] Amatara ni is bukene buhambaye mw’iterambere. — Ihanga Ryera ry-Imana […]
J’aimeJ’aime