
Mwaro : Abadandaza b’amakara baridogera ubusuma bwa Komiseri Dominique Hakizimana !
N’ijoro abanyonga amakamyo bunguruza amakara baratwandikiye bidogera Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Mwaro, Colonel de police Dominique Hakizimana, yadukana amabariyeri mw’ijoro mu bibanza bitarekuwe, mu ntumbero yo kurya amahera y’abadandaza. Aho n’ijoro yari yasize bariyeri ahitwa Nyakararo kandi itegeko ry’umugenduzi mukuru w’igipolisi ryarafuse iyo bariyeri. Ikamyo yose yaraye ihaciye yayirihishije 50.000 Fbu.
Umunyagihugu yanditse ati :
« Amahoro neza. Nagomba mudutangire aya makuru ku bintu bibera i Nyakararo. Vyabaye uno munsi mw’ijoro, nka sambiri z’ijoro, aho commissaire provincial wa Mwaro yatangira imodoka yose, ikavaho aruko itanze igiturire ca 50.000 Fbu. Ivyo bintu vyambabaje cane mu gihe barrière y’ i Nyakararo bayikuye ariko uwo mu commissaire ari kumwe n’abapolisi bamucungera akaza kutwiba ijoro. Nagomba mubidutangire kumbure vyoshikira umushikiranganji w’umutekano na Président wacu bigahagara ivyo kwiba imodoka zipakiye amakara.
Abonye imodoka ipakiye amakara yagenda isize 50.000 Fbu. Araza kwirabisha impapuro kugira atwibe, akunda kuza hegereje weekend nko ku wakane canke ku wagatanu. Aragufata akakwaka documents z’imodoka, azigusubiza umuhaye 50.000 Fbu atagira igitansi. Kandi abikoze iminsi myinshi. Hari n’igihe yiruka ku modoka ipakiye amakara ica iseka n’iyindi modoka. Igihe bagabanya amabariyeri yaramaze iminsi ataza none ubu yagarutse. Kandi aza mw’ijoro kugira atwibe ata mutegetsi arengana ngo amubone. Nukuri ndasavye mubidutangire kuko aho i Nyakararo ibariyeri yaho Leta yarayikuyeho. »
Ibi bintu birateye isoni kwumva uwujejwe igipolisi mu ntara avugwa mu busuma bweruye. Umushikiranganji Martin Niteretse n’umugenduzi mukuru w’igipolisi barakwiriye gufata mu minwe ico kibazo.
Dusaba abapolisi b’igihugu kumenya yuko bashizweho kugira ngo bacungere umutekano w’abenegihugu n’uwibintu vyabo, ingingo zose zigaatwa hakurikijwe amategeko y’igihugu yanditswe kandi azwi.