Imanza zimaze imyaka 52 barazivyuye mu Burundi.

🔴Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika y’Uburundi asaba isamburwa n’ifutwa ry’imanza zaciwe na sentare ya gisirikare yashashe muri Rusama 1972

Nk’uko vyashikirijwe na Sylvestre Nyandwi asanzwe ari umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika y’Uburundi, mu ntahe yashashe muri sentare ntahinyuzwa (Cour suprême) kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Rusama 2023, yasavye isamburwa n’ifutwa ry’imanza zaciwe na sentare ya gisirikare yashashe muri Rusama 1972.

Sylvestre Nyandwi asigura ko ico gihe iyo sentare ya gisirikare yaciriye mu kivunga abantu imanza zo gupfa baca banyongwa ubwo nyene biturutse kw’itegeko ry’iyo sentare. Ikindi ngo abo bantu ntibigeze barengutswa muri sentare ngo bisigure.

Akabona ko abari bagize iyo sentare baciye kubiri n’amategeko y’igihugu kuko iyo sentare itabaho mu mategeko y’igihugu.

Ku bwa Sylvestre Nyandwi, ngo benshi muri bo baciye banyarwa ivyabo aho gushika n’ubu hariho abamaze kubisubizwa abandi nabo bakaba batarabisubizwa. Akavuga ko nka hamwe urwo rubanza rwofutwa, abo bantu bazoca basubizwa vyihuta ivyabo.

Mwomenya ko umushikirizimanza kizigenza wa Republika, yisunze ingingo ya 126 n’i ya 127 zigenga sentare ntahinyurwa ashobora gusaba ko urubanza rufutwa mugihe biba bibonetse habayemwo akarenganyo.

Bikaba bitegekanijwe ko urubanza ruzosomwa na Sentare ntahinyuzwa kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2023, umusi umwe imbere y’uko abarundi bibuka imyaka 51 izoba irangiye habaye ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu, ivyaha ndengakamere vyakorewe abatutsi bo ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika hamwe n’ivyaha ndengakamere vyakorewe abatwa b’i Mwaro.