Abarundi dukwiriye kubiba ivyiza mu gihugu kuko ico ububa nico wimbura.

Umukenyezi Denise Bucumi Nkurunziza arakunda guhanura Abarundi

« Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’ umuntu abiba cose ari co azokwimbura.
Ab’i Galatiya 6:7″.

Iy’isi imeze nk’ umurima, aho ico dukora kiba kizotugarukira muburyo bumwe canke ubundi.

Twasomye ngo ico umuntu abiba nico azokwimbura.Uku niko kuri kw’ ubuzima.Ntituzova mw’ isi tutimbuye ico twabivye.

Rimwe Yakobo yigeze kubesha se Isaka ko ariwe Esawu kugira ngo amuhezagire,
yaramuhenze birafata, ariko Yakobo nawe hageze ko aronka umugeni baramuhenda, bamuha umugore mw’ ijoro aramurongora, yibaza ko bamuhaye uwo yakunze Rakeli ahubwo asanga bamuhaye uwo atakunze yitwa Leya.

Yakobo yari yimbuye ikinyoma yabivye ahenda Se ngo niwe Esawu yitwaje ngo n’ uko ashaje atakibasha kubona, nawe baca bamuha umugore bamuhenze bitwaje ngo n’ uko ari mw’ ijoro ataza kumubona.Ico umuntu abiba nico azokwimbura.

Iyo tubayeho ubuzima bwanduye, tuba turiko turabiba kandi tukazokwimbura.
Nimba umuntu arenganya abandi nawe igihe kizogera bamurenganye,nimba ugora abakureze nawe abo uzorera bazokugora,
bizokubabaza ariko bizogushikako kuko arivyo wabivye mw’ isi y’ impwemu.

Dukwiye kwitondera ivyo tubiba ,
tukabiba ivyiza,kuko bitazobura kutugarukako navyo nyene.Singombwa ngo abo ugiriye neza bazobigusubize,gusa Imana izoca ahandi,kuburyo ivyiza wabivye bikugarukira.Nico ciza co kuba umuntu yubaha Imana.

Ibanga rihishije mu kubiba,n’ uko ubiba bike ukimbura vyinshi.Kaba ari akarusho rero mugihe ivyo umuntu yabivye aba ari vyiza.

Imana idufashe, tubibe ibikorwa vyiza,niho no mubusaza bwacu tutazoraba inyuma ngo twicuze .

Turangirize kur’ uyu murongo:

« Kandi(Yesu) arababarira, ati Mwiyubare mu vyo mwumva.Ingero mugeramwo niyo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa.
Mariko 4:24″.

Natwe Abarundi twige kugendera ukuri n’ibanga, gukunda no gufasha abandi, kubungabunga igihugu cacu no kugiteza imbere.