
Igihugu kingana nu Burundi ntigikwiye kugira Ministère zirenga 10
Muntumbero yogukingira ubutunzi bg’igihugu noguha akazi ababishoboye, iyi mpinyanyuro yokugabanya ubushikiranganji, irakenewe, intererano ntanze, y’ubushikiranganji bukenewe:
- Ubushikiranganji bg’ubutungane n’intwaro y’igihugu.
- Ubushikiranganj bgo kwivuna abansi n’umutekano.
- Ubushikiranganj bg’imigenderanire, ugufanya n’makungu no kumenyesha amakuru.
- Ubushikiranganji bg’ubutunzi n’iterambere.
- Ubushikiranganji bg’amasoko ntanganguvu n’ubutare.
- Umushikiranganji bg’ubudandajo no gutumatumanako.
- Ubushikiranganji bg’inyubako no gutunganya igihugu.
- Ubushikiranganji bg’amahara y’abantu.
- Ubushikiranganji bg’indero, ubushakashatsi n’urwaruka.
- Ubushikiranganji bg’idukikije, uburimyi n’ubgorozi.
Ibisata utabona mur’ubgo bushikiranganji ni ubuyobozi bukuru. Wewe wiyumvire iki kur’iryo tunganya rya Leta y’Uburundi?
Hari uwunganiye iki citumviro aja agira ati ubushikiranganji 10 ni buke ibikorwa ni vyinshi nawe aca atanga ubushikiranganji 12 mu rurimi rw’igifaransa bukurikira:
- Ministère de la Justice, de la solidarité et de l’intérieur
- Ministère de la Défense nationale et de la Sécurité publique
- Ministère des Relations extérieures et de la Coopération internationale
- Ministère des Finances et du Développement économique
- Ministère du Commerce, des Transports et du Tourisme
- Ministère de l’Energie et des Mines
- Ministère des Infrastructures et de l’Aménagement du territoire
- Ministère de la Santé publique
- Ministère de l’Education nationale et de la Culture
- Ministère de l’Environnement, de l’Agriculture et de l’Elevage
- Ministère de la Communication et de la Technologie de l’Information
- Ministère de la Jeunesse et des Sports